Hari umurundi aheruka kunyuruzwa n’imbonerakure kumunsi wambere igenekerezo 01/4/2024 avuye mugihugu ca Uganda, ashitse kubutaka bw’Igihugu c’Uburundi ageze i kobero mu ntara ya Muyinga.
Uwo nawe akaba yitwa Apollinaire Bashirahishize avuka kumutumba rutumo komine n’intara ya Rumonge,afise imyaka mirongo 39 ,arubatse afise umugore n’abana batatu.
Mugihe c’intambara yo 1993 , Apollinaire yahungiye mugisagara ca Bujumbura ashikira mu kanyosha ahari site yabateshejwe izabo n’intambara yo 1993 i Burundi.
Apollinaire bashirahishize yahavuye yubaka urwiwe muri 2013, muruwo mwaka nyene,acaja kuba mugihugu kibanyi c’Urwanda,aho yarazi ko azoronkera impapuro zinzira zizomushikana mu gihugu cu bubiligi numugore,,ariko ntamahirwe yagize yo kubironka.
Munyuma uwo muryango wahavuye wimukira mu gihugu ca Uganda kwiberayo,ari naho gushika ubu bibera numugore n’abana biwe..
Apollinaire bashirahishize, wewe igenekerezo rya 31/03/2024 , yavuye mu gihugu ca Uganda yerekeza mugihugu camavukiro i Burundi,afata inzira ica tanzaniya kuko imipaka yuburundi n’URWANDA yugaye.
Ajabutse umupaka wa kobero ageze mu ntara ya Muyinga kubutaka bw’Igihugu c’Uburundi, kumunsi wambere igenekerezo rya 01/04/2024,,niho yafatwa nimbonerakure zo murako gace.
Bamufashe nkigihe c’isaha 18h55mn zumugoroba aho Apollinaire, yariko atira telefone, kugira ahamagare abo mumuryango wiwe, kugira abamenyeshe ko yashitse,bongere banamurungikire amafaranga amugeza mu gisagara ca Bujumbura, kuko wewe amafaranga yari yamaze kumuherana,kandi atana numéro y’uburundi yaragifise kugira ayihamagaze.
Bamaze kumutiza telefone,yaravuganye nabiwabo,arababwira ko yageze kubutaka bw’Igihugu c’Uburundi,ageze i kobero mu ntara ya Muyinga,ko rero bogerageza bakamurungikira amafaranga ibihumbi mirongo itatu (30.000fb) kugira ashobore gushika i Bujumbura.
Abiwabo bagire barungike yamafaranga,bahamagaye kuri ya numéro, bababwira ko ari muminwe ya polisi ariko agigwako amatohoza,,
Bakomeje guhamagara, nkigihe c’isaha zine nigice zijoro 22h30mn,,bamenyesheje Umuryango wiwe ko yahejeje kubazwa, ahubwo bagire bahamagare Umuryango wiwe, kugira bamenye ko ivyo yavuze arivyo..
Ariko bene iyo telefone baguma babwira uwo muryango ko worungika ayo mafaranga ibihumbi mirongo itatu 30.000fb…
Ariko hageze nko muma satanu 23h zijoro ya telefone bayizimije,, ubu kugeza uyu munsi igenekerezo rya 05/04/2024 twandika iyi nkuru, Umuryango wiwe ukaba utaramenya aho uwabo afungiwe.
Abiwe bagerageje kurondera no kubaza mubusho butandukanye cane cane bw’intara ya Muyinga be no mugisagara ca Bujumbura, ariko kugeza n’ubu ntaniyambu bafise ryaho uwabo afungiwe.
Abaryango ba Apollinaire bashirahishize barasaba ko uwabo atogirirwa nabi, narirya wewe imvururu zatanguye i Burundi muri 2015 atabarizwa kubutaka bw’Igihugu c’Uburundi.
Abarundi barasaba bashimitse ko leta ya Evariste ndayishimiye nakagwi bakorana bohagarika iryo nyuruzwa ry’abantu agasakisaki bagaheza bagatorwa bagandaguwe bunyamaswa,,vyatsimbataye mu Burundi
Desire NKUNDWA
Rwandatribune.com