Hari umunyarwanda yitwa Jean de Dieu Habiyambere yafashwe n’iperereza ry’u Burundi ku munsi wa gatatu w’indwi iheze itariki 13/03/2024 ageze mu Burundi avuye mu gihugu ca Tanzaniya.
Jean de Dieu habiyambere asanzwe ari avuka mu gihugu kibanyi c’u Rwanda, ariko akaba amaze imyaka irenga cumi (10ans) aza araza mu Burundi kuhakorera imirimo itandukanye, ahamagawe n’amashirahamwe aba yatsindiye akazi na cane cane mu gukora no gushiraho ivyuma bitanga umuyagankuba uva kuzuba (plaques solaires).
Akaba yatanguye kuza mu Burundi guhera mumwaka wa 2014, ahamagawe nishirahamwe ry’itwa Lemi Wireless akora imirimo yo gushiraho ivyuma bitanga umuriro uva kuzuba.
Kuva ico gihe Amashimwe nka yose yatsindira isoko ryako kazi yaca amutumako, kuko yaramaze kumenyekana nkumuhinga wavyo, nka za ETRAVE Enabel Belgique nizindi nyishi.
Jean de Dieu habiyambere yanyurujwe yashitse kubutaka bw’Igihugu c’u Burundi avuye mu gihugu ca Tanzaniya yerekeza mu gisagara ca Bujumbura, aho yaranzwe yama ashikira munzu yarakodesheje iri muri karitiye kinanira zone musaga komine Muha.
Ku munsi w’IMANA igenekerezo rya 17/03/2024 baramukuye aho anyegejwe bamutwara aho yaba muri karitiye kinanira, binjira mugipangu ninzu yiwe,barayisaka hose, bahejeje abo bakozi biperereza bongera kumutwara..
Ninaho uwo munsi ababanyi bamenye ko yafashwe, naho batigeze bamenya n’umuntu numwe murabo bakozi biperereza kuko bari biyoberanije.
Abarundi bakoranye na jean de Dieu habiyambere, barasaba bashimitse ko atogirirwa nabi kuko y’abana neza ndetse amaze gukora nibikorwa vyinshi vy’iterambere mu Burundi eka mu ntara nka zose.
Abenshi bakabona ko yoba yanyurujwe kubera icuka kibi kimaze iminsi kirangwa hagati y’u Burundi nu Rwanda.
Gushika iyi saha twandika iyi nkuru akaba atamuntu numwe aramenya aho bamutwaye eka Umuryango wiwe nabo bakorana batekewe n’ubwoba ko uwabo ashobora kugandagurwa bunyamaswa nkuko bisanzwe bimenyerewe i Burundi muriyi minsi.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com