Umushikiranganji yategetse igipolisi gufuta amajwi n’amasanamu vyafashwe n’abamenyeshamakuru munama
Kuri uyu wa mbere, umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano yaragirishije inama baburamatari b’intara, abakomiseri barongoye intara, amakomine mu gipolisi.
Abamenyeshamakuru basabwe gufuta amasanamu yose bafashe
Inyuma y’ijambo ry’intangamarara ririmwo amajambo mabi n’ivyagiriji bibi, umushikiranganji Martin Niteretse yategetse abakozi biwe gufuta ivyo abamenyeshamakuru bafashe vyose, yaba amajwi n’amasanamu.
Haciye hanakorwa urutonde rw’abamenyeshamakuru bari batumiwe muri iyo nama hamwe n’ibinyamakuru bakorera.
Iyo nama ikaba yabaye mu ruhagarara rudasanzwe mugihe ahanini umushikiranganji Martin Niteretse, yamaze umwanya munini ariko aratuka abo arongoye abagiriza cane cane kurya ibiturire , kunyuruza ibidandazwa vya nkenerwa nk’ibitoro, isukari, n’isima.
Iryo terabwoba kubamenyeshamakuru rikaba ribaye mugihe kenshi na kenshi abategetsi batemanga ivyo baba bashikirije.
Nkurunziza Freddy