Umumenyesha makuru, Sandra Muhoza, yari yaranyurujwe n’abakozi biperereza ku munsi wagatandatu igenerekerezo rya 13/04/2024 , atwarwa ahantu hatigeze hamenyekana, yaraye yinjijwe ibohero rikuru rya mpimba riri mu Gisagara ca Bujumbura, ku mugoroba wejo kuwa kane igenekerezo rya 18/04/2024 .
Mwibuke ko twari twabamenyesheje ko imbere yuko anyuruzwa ari mu Ntara ya Ngozi, yari yabanje guhamagarwa n’umugwiza tunga wo muriyo ntara, akomeye muri CNDD-FDD, asanzwe akorana n’iperereza, yitwa Manirakiza Marc, batazira Pocheni.
Amakuru twaronse yemeza ko imbere yuko anyuruzwa, vyoba vyavuye ku rubuga rwa Whatsapp, ahuriyemwo n’abanyamakuru bo mu Burundi rwitwa “Médias Burundi, aho bariko bagirana ibiganiro nkabanyamakuru, bacishamwo ivyi mipanga iheruka kwinjira mu gihugu, iguzwe n’umugambwe CNDD-FDD
Ivyo biganiro bikaba bitanezereje uwurongoye urwo rubuga rwa watsap Burundi médias, abonye ivyo Sandra umuhoza yagumye yandika, umunyamakuru Mvyariyere Joseph, asanzwe ari imbonerakure, anakorera ikinyamakuru c’umugambwe CNDD-FDD.
Ivyo Sandra Muhoza yavuze, vyatumye anyuruzwa n’abakozi biperereza ry’igihugu, bivugwa ko bamufashe bamwagiriza ko ariko akora amatohoza ku makuru amaze iminsi avugwa y’iyinjizwa ry’imipanga mu gihugu c’uburundi, igizwe n’umugambwe CNDD-FDD, biciye kw’Izina Fondation Pax Burundi, rirongowe n’umukuru w’umugambwe Reverien ndikuriyo.
Kuva ico gihe afashwe ku munsi wa gatandatu iginerekerezo rya 13/04/2024, Umuryango wiwe incuti abagenzi, bagerageje ku murondera mu busho butandukanye bw’Igihugu no ku mutabariza ahashoboka hose ariko ntibigeze bamenyeshwa ahari..
Ku munsi w’ejo igenekerezo rya 18/04/2024, niho bamukura aho bari bamunyegeje, bamutwara muri sentare nkuru ya Bujumbura gusambishwa, bimara akanya urume rumara, bahejeje baca bamwuriza imodoka bamutwara mwibohero rikuru rya Mpimba riri mu Gisagara ca Bujumbura ku mufungirayo..
Mwomenya ko Sandra Muhoza agiye mu buroka, asangayo umumenyesha makuru mugenzi we, w’umukenyezi, afunzwe binyuranije n’amategeko Yitwa Floriane Irangabiye.
Umuryango w’abanyamakuru eka n’abandi bose, barasaba ko ako gatotezo bariko bakorerwa n’intwaro ya CNDD-FDD babaziza umwuga wabo ko hagaragara.
NKUNDWA Desire
Rwandatribune.com