Hari umunyagihugu wo muri Komine Butezi Intara ya Ruyigi ,yahatswe kugandagurwa bunyamaswa n’imbonerakure ariko IMANA irakinga, mw’ijoro ryo kumunsi wakabiri igenekerezo rya 02/04/2024.
Ivyo bikorwa bigayitse vyo guhohotera abanyagihugu bikaba bimaze iminsi bikorwa n’imbonerakure zegamiye umugambwe cnddfdd mu gihugu cose,eka ntibigere banahanwa canke ngo hakorwe amatohoza yimbitse kuvyabaye.
Hari kumunsi wakabiri igenekerezo rya 02/04/2024 ku mutumba Senga wa komine butezi aho imbonerakure zariko zinywera akayoga mukabre kuwitwa Benoît Ndihokubwayo batazira bigoye,zaguma ziririmba indirimbo zivuga nabi abatari muri cnddfdd,zibatuka, zivuga ko uwo wese atazinjira muruwo mugambwe agiye kwibonerako..
Uwo Ndihokubwayo Benoît batazira bigoye, afise imyaka 27 ,asanzwe ari imvukira yo kuruwo mutumba wa Senga wa komine butezi, imirimo yiwe ya minsi yose akaba ari ubucuruzi bwakabari,eka asanzwe azwi cane murako gace.
Munyuma izo mbonerakure hageze mumasaha akuze yijoro 23h,zikivuza induru nyinshi ziririmba indirimbo zityoza uwo wese atari muri cnddfdd, bigaragara ko zanamaze kuborerwa.
Nyene akabari Benoît ndihokubwayo, yaciye afata umwanzuro wo kwugara,,kuko yabona ko bishobora guteza ikibazo,eka hari induru nyinshi ibuza Amahoro ababanyi..
Nuko za mbonerakure zibona ko azisuzuguye,zica zimubonerwaho,zifata amahiri zirengera kuri Benoît ndihokubwayo batazira bigoye, bamukubita buyoka,bamuboreza igufa, umubiri wose usigara ari ikirurume, bagenda bazi ko yapfuye..
Ababanyi baraje kuraba basanga Benoît aracasambagirika,baca bamutwara kwivuriro riri hafi murako gace,aho ubu ari gukurikiranwa nabaganga,, ariko bavuga ko yasinzikaye atacizere ko azokira..
Gushika kuruno munsi wagatanu igenekerezo rya 05/4/2024 , akaba atanamatohoza arakorwa kugira hafatwe abagomvye kugandagura Benoît ndihokubwayo.
Abarundi bakabona ko iryo totezwa ry’abantu ari ya ntumbero y’ubutegetsi bwa cnddfdd yo gutoteza uwo wese atari muri cnddfdd canke batavuga rumwe.
Umuryango wiwe ugasaba ko uwabo yovuzwa nabo bagomvye kumugandagura ,kuko bazwi n’indongozi za komine butezi eka nizo ndongozi zikikubita agashi zigatangura amatohoza yimbitse kurubwo bugizi bwa nabi bwafashe iyindi ntera.
Abanyagihugu bavuga bati, ntaco tukivuga twarumiwe,kuko atagihindutse vuba na bwango ngo leta y’uburundi ihagarike ubwo bugizi bwa nabi bukorwa niyo misore sore y’imbonerakure ,ati ntagisivya igihugu c’Uburundi kirabandanya kugwa mu manga cashizwemwo n’intwaro mbi ya Cnddfdd
Desire NKUNDWA
Rwandatribune.com