Abantu bane bapfuye baguweko n’umusozi aho bariko barimba amabuye y’agaciro kumutuba Kivumu komine Kabarore intara ya Kayanza
Iryo sanganya ryabaye kuri uno wa mbere kumutumba Kivumu komine Kabarore intara ya Kayanza.
Umusozi bimbamwo amabuye y’agaciro yo mu bwoko bwa “Colta” waguye ku bakozi bariko barimba ubwo butare. Bane(4) muribo baciye bapfa ubwo nyene,abandi bari mu bitato bikuru vy’intara ya Kayanza aho bariko baravurirwa.
Igitangaje n’uko abakuru b’aho himbwa ubutare batigeze bagomba ko bimenyekana canke ngo batange ikiganiro ku bamenshamakuru.
Eka n’abajejwe intwaro ntaco bakoze kugirango iryo sanganya rimenyekane.
Umurwizatunga yitwa NDAGIJIMANA vincent arongoye ishirahamwe “COMEBU” niwe yimbisha ubwo butare bwa Colta aho haraye haguye iryo bara.
Ivyo binogo rero ngo bikaba bidasiba kwiha inkumbi nkuko amakuru ava i Kabarore abimenyesha.
Aho nyene kandi umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye akaba yari aherutse kubaza abahimba ubutare iyo babutwara. Ico gihe Prezida Ndayishimiye yagize ati: “Amafaranga yavuye muri bino binogo yagiye he?”
Abanyagihugu bagasaba Leta kugenzura neza abo bimbisha ubutare n’amabuye y’agaciro muntumbero yo gukingira ubuzima bw’abanyagihugu bakoreshwa mugucukura ubwo butare, ndetse n’ingene imiryango yabo yoshumbushwa mugihe habaye isanganya, narirya ayo masanganya akunze gushika, ariko bene abahasize ubuzima bagataha zirayoye.
Freddy Nkurunziza