Umunyagihugu yitwa Jackson Hakizimana akaba n’umunywanyi w’umugambwe CNL, ayoboka umushingamateka Rwasa agathon, yaranyurujwe n’abakozi biperereza kumunsi w’Imana iginerekerezo rya 12/05/2024.
Jackson Hakizimana akaba yokora mwishirahamwe rihingura impuzu mu gisagara ca Bujumbura AFRITEXTILE ryahoze ry’itwa COTEBU, imirimo yiwe ya minsi yose akaba yari umushoferi, akongera agakora nimodoka (Chauffeur mécanicien).
Jackson Hakizimana avuka kumutumba kabare, komine mabayi intara ya cibitoke,afise imyaka 35 ans,arubatse, afise umugore n’abana batatu,,,ariko kumvo zakazi,yaba muri quartier nyabagere zone Gihosha komine ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura.
Imbere y’uko anyuruzwa n’abakozi biperereza, hakizimana Jackson,yaravuye muhira iwe mu Gihosha,avuganye n’umuntu kuri téléphone tutaramenya, bavugana ko bagire bahurire kurubanza kandi,bataza gucererwa, bashika kare,,aho hari mumasaha ya 11h30mn..
Kuva ico gihe yitavye téléphone,agace ava iwe akagenda,abo babana murupangu,bararindiriye kwagaruka amaso ahera munzira.
Baciye batangura kumurondera kuri téléphone ariko basanga irazimije.
Ejo kumunsi wambere igenekerezo rya 13/05/2024, Umuryango wiwe, abagenzi bazindukiye kw’ishirahamwe yakorera AFRITEXTILE,babaza ko yoba yatonze mukazi ariko bababwira ko atigeze atonda, baciye bihutira kurondera mubusho butandukanye ariko gushika uno munsi kuwakabiri igenekerezo rya 14/05/2024 bamubuze hose.
Muri kino gihe, abarundi benshi bibaza intumbero leta ya cnddfdd ifise,ariyo itwara, ariko ikaguma inyuruza abantu agasakisaki, abandi ikabica, ikabatoteza, kandi ariyo yarijejwe kubakingira,none niyo isigaye ibaburabuza burigihe.
KUNDWA Désiré
Rwandatribune.com