Aba nye Congo bariyamiriza abarundi bajabukana ibidandazwa muri repubulika ya demokarasi ya Congo, abanyagihugu bo muri repubulika ya demokarasi ya Congo ishavu riraniga kubera abarundi baguma bajabukana muri ico gihugu ibidandazwa n’ibindi bintu bitandukanye.
Ni mugihe abo ba nye Congo bavuga ko bobo batemererwa kujabukana ibintu vyabo mu Burundi, vyaba ibidanadazwa canke ibindi.
Iyo ngo bahirahiriye bakajabuka Rusizi, bashitse kumupaka w’uburundi baca babambura ivyo bazanye vyose, bakabankira kuvyinjiza mu Burundi.
Ni muriyo ntumbero kuri uno musi wa gatanu hari hategekanijwe imyiyerekano no gutangira abarundi bajabukana ibintu muri Repubulika ya demokarasi ya Congo, ndetse no kubibaka bakabika ngo nkuko nabo babikorerwa bageze kuruhande rw’Uburundi.
Iyo myiyerakano ikaba mbere ishigikiwe n’abamwe mubari mumashirahamwe y’abadaharanira inyungu za politike aho muri Repubulika ya demokarasi ya Congo.
Freddy NKURUNZIZA