Umukenyezi wo muntara ya rumonge yavyaye umwana aca aramwica, abakenyezi bagenzi biwe akaba aribo batabaje abajejwe intwaro bamaze kumenya ko umubanyi wabo yikoze munda.
Pélagie Kwizera, w’imyaka mirongo itatu muri kino gihe apfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi ca Rumonge kuva ku wa kane uheze. Yagirizwa kwica umwana wiwe yarahejeje kwibaruka.
Nkuko amakuru ava mugipolisi co mu Rumonge abivuga, ikiziga c’urwo ruyoya kikaba catowe mu nzu iri muri karitiye Birimba mu gisagara ca Rumonge aho iryo bara ryabereye. Abanyagihugu ni bo batabaje intwaro.
“Abakenyezi bari bafise imyitwarariko. Baramenye uwakoze iryo bara ko yari umwigeme babana. Igihe yari yibungenze, yaranka kujana nabo kw’ivurir”, uko ni ko umwe muri abo bakenyezi abivuga.
Inyuma y’imisi mike, ababanyi biwe bahavuye babona ko atacibungenze, ariko kandi ntibabone ikibondo ahetse canke yonsa. Niko guca bagira amakenga baja kuraba aho uyo yihekuye yaba, ndetse mukwinjira bakaba banje kubomora umuryango w’inzu. Basanze umwana
w’uruyoya yarishwe ashirwako urubuye runini hejuru, baca batabaza abajejwe intwaro.
Pélagie Kwizera yaragerageje guhunga ariko imbonerakure zimuta muri yompi, zimushikiriza igipolisi.
Freddy Nkurunziza