Abasirikare b’u Burundi barungitswe muri Repubulika y’intwaro rusangi ya Congo kurwana n’Umuhari M23 bamenyesha ko Prezida Evariste Ndayishimiye yabagurishije mu kubamarira kw’icumu batabona ico bariko barazira.
Amajwi y’abasirikare b’u Burundi ariko arahanahanwa ku mbuga ngurukana bumenyi arateye ubwoba, nayo ayava mu gisirikare c’u Burundi ateye agahinda.
Ayo makuru avuga ko mu ntambara abasirikare b’uburundi barimwo n’umuhari M23 urwanya leta ya Kinshasa, hamaze gusiga ubuzima benshi ku buryo abasoda bonyene bari muri izo ntambara bivugira ko bahahamutse badakeneye gusubira kuja kugwana muri Masisi. Bakavuga ko bitazonakoroha no kumenya neza abapfuye uko bangana.
Abo basirikare b’u Burundi barongera bakamenyesha kandi ko basanzaye bagahunga mu rudavagi.
Mu bisanzwe iyo babonye ko urugamba rutameze neza, abasirikare barumvikana ingene bakinjura bakaja kwisuganya gushasha, ico bita repli tactique mu gifaransa. Ariko rero siko bimeze muri kino gihe mu ngabo z’u Burundi muri MASISI mu ntara ya Kivu y’amajaruguru mu buseruko bwa Congo.
Nku’ko amakuru dukura muri izo ngabo z’u Burundi abivuga, gwambikanye umusirikare wese arimenya agatungwa n’ayo yameze. Ibirwanisho n’ibikoresho vyinshi vya gisirikare barata, bafata inzira zitandukanye bagatatana.
Bamwe bavuga ko bari mu mashamba batazi ingene bazoshikira ibarabara, abandi bakavuga ko bageze ku nkengera z’ikiyaga Kivu, n’abahisemwo kugenda n’amaguru gushika muri Kivu-y’amajepfo.
Abasirikare benshi b’u Burundi bavuga ko badakeneye gusubira guhendwa ngo baje kugwana na M23 mugihe abasoda ba Congo badashaka kugwana bitega urupfu, bagahitamwo kwiruka bakikurira meza.
Ikibabaza kurusha ingabo z’Uburundi, ngo nuko abo basoda ba Congo babatana urugamba bababwira ko barishwe amafaranga menshi ari naco gituma aribo babwirizwa kuwota.
Amakuru dufise kandi ni uko bamwe mu basirikare bagumukanye umukuru wa Compagnie ya kabiri muri Bataillon y’ 7 ya TAFOC mu gihe yariko abahatira gusubira ku rugamba. Bakabona ko uwo mu chef wabo ashaka nyabuna kubicisha. Ikibanza iyo compagnie yari irimwo nubwo kitari catewe, abo basirikare bari bahataye baragenda. Abo basirikare bagasaba gusubizwa ahitwa Sake, hanyuma Goma, munyuma muri kivu y’amajepfo.
Uretse ko basaba bashimitse gutahanwa mu Burundi, banasaba abarwanyi b’umuhari M23 kureka kubakurikiza amasase mu gihe baba bariko barahunga bagenda n’amaguru kugirango barokore amagara.
Mu butumwa bw’abo basirikare b’u Burundi bari muri Congo bucanacanako kumbuga ngurukana bumenyi, ijambo rigaruka cane ni : « Twaragurishijwe ».
Abasirikare b’u Burundi bavuga ko badatahura impamvu bari kugwana n’umuhari M23, ndatse ntibumva ingene bagwanira igisirikare ca Congo mugihe co nyene kidashaka kugwana.
Barababazwa n’ingene badafise ibirwanisho bikwiye kandi bijanye n’urugamba barimwo. Baranababazwa cane n’umwambaro wa Congo bambaye, bakaba ata n’ibibaranga bafise. Barababazwa kandi n’amafaranga abakongomani baguma babagiriza kandi bo atayo babona.
Abasirikare b’u Burundi baridogera cane abasoda ba Congo bashira nyabuna ibirwanisho M23 kurusha kuja kugwana.
Aha rero abatari bake bakaba bemeza ko reta ya CNDD-FDD, uhereye ku mukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ndetse na Prime NIYONGABO aramutswa ibiro bikuru vya gisirikare bagurishije koko ingabo z’igihugu ku nyungu zabo bwite, mugihe abo basirikare bariko barawota badatahura inyungu z’igihugu cabo boba bariko barigura.
Ikibabaje gusumba nuko imiryango y’abo basirikare b’u Burundi bariko barigura kugahato Prezida TSHISEKEDI na reta yiwe ya Kinshasa, uretse ko idashingurana iteka abayo ngo inabasezere iryanyuma, atanico reta ya Congo canke iya Gitega ibashumbushisha, ndetse ntinabagarukireko. Birateye agahinda.
Freddy NKURUNZIZA
Rwandatribune.com