Hari ikiziga c’umuntu w’umugabo catowe cagandaguwe bunyamaswa kumunsi wakabiri igenekerezo rya 07/05/2024.
Uwo muhisi akaba yatowe kumutumba muhafu, zone muzye komine giharo, intara ya rutana.
Ico kiziga kikaba catowe gisa nicononekaye, biboneka ko yishwe bunyamaswa atemagujwe ibibugita nimipanga,kuko yarafise ibikomere umubiri wose..
Abanyagihugu babonye ico kiziga ubwambere, baciye bihutira kumenyesha indongozi, nazo ziza ziruka,zishitse zica zihutira kwirukana abari bahari bose , ndetse bafata nama téléphone yabo bafuta amafoto bari bafotoye uwo muhisi yishwe ugwagashinyaguro.
Abo banyagihugu ntibari bwamenye neza umwidondoro wuwo mugabo yishwe, ariko batumenyesha ko vyagaragara ko yari yambaye neza, asa n’umuntu yarabayeho neza, yoba afise imyaka mirongo ine (40 ans) , bavuga bati iyo polisi itihutira kumutwara, vyari gushoboka ko bamenya neza umwidondoro wiwe.
Ababa muri zone muzye komine giharo intara ya rutana, barasaba ko ubwo bw’icanyi bubera mugace babamwo bwohagarikwa vuba na bwango nabajejwe umutekano, kuko mukiringo kitarenze ukwezi kumwe, hamaze kwicwa abantu barenga batanu.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com