Hari umunyagihugu wo ku mutumba mu Gitega, Komine Bugendana Intara ya Gitega, yagandaguwe bunyamaswa mw’ijoro ryigenekerezo rya 27/04/2024.
Uwo muhisi akaba Yitwa HABONIMANA François Xavier, akaba yari umejenama muriyo komine bugendana. Nyakwigendera akaba yari asanzwe ari umunywanyi w’umugambwe cnddfdd ukomeye murako gace.
Abamugandaguye bamutegereye mu nzira agire ashike kurugo iwe atashe nkigihe c’isaha zitatu nigice zijoro 21h30mn,baca baramurasa amasasu menshi,ahita yitaba IMANA.
HABONIMANA François Xavier, biravugwa ko yoba yishwe bunyamaswa na bagenzi we b’imbonerakure,, kuko hari hamaze iminsi hibonekeza ukutumvikana kwigaragaza hagati yabo, ivyo navyo ahanini bikaba vyaturutse ku ntonde bariko bakora z’amazina yabazoja ku ntonde za mbere mu matora yimirije 2025.
Abo bamugandaguye,boba bamuhoye ko babona ariwe aza ku rutonde rwa mbere mu bazitoza, ivyo navyo bikaba bitanezereje izindi mbonerakure zo muriyo komine.
Abanyagihugu eka n’umuryango wiwe ukaba usaba ko hoba amatohoza yimbitse kugira bashobore kumenya abishe François Xavier HABONIMA, banasaba leta ifatanije n’inzego z’umutekano, gukura ivyo bigwanisho mu misoresore y’imbonerakure mu gihugu.
NKUNDWA Desire
Rwandatribune.com