Mu gihugu c’Uburundi abanyagihugu bariko bategwa ubwoba n’ibarura riri gukogwa ryabatavuga rumwe n’ubutegetsi buriko muri ici gihugu.
Henshi bariko hakorwa
intonde z’abanyagihugu batayoboka
umugambwe uri ku butegetsi.
Aho ni muri zone kibuye, commune Isare, intara ya Bujumbura, aho hatanzwe amakaye abiri 2 yokwandikamwo abanyagihugu:
Umugwi wambere wabatayoboka umugambwe CND- fdd.
Umugwi wakabiri bandikamwo abayoboka cndd – fdd.
Ivyo biruko no mu zindintara, zigize igihugu c’uburundi.
Ivyo bigatera ubwoba bwishi n’amakenga mu banyagihugu kubera ko abanyagihugu batayoboka umugambwe CNDD – fdd, badatahura icatumye leta ya Evariste Ndayishimiye bashiraho izo kaye zo kubandikamo kunguvu, bakibaza ibigiye gukurikira inyuma yo kubashira muri izo kaye.
Uburundi bukaba bunimirije amatora ku gwego gw’igihugu azoba kuva 2025 gushika 2027.
Abanyagihugu n’amashirahamwe aharanira agateka kazinamuntu bari mu buhungiro bagasaba ko iryo terabwoba ryo kwandika abanyagihugu batarimumugambwe CNDD – fdd vyohagarara atagisabwe.
Amos Twagiramungu
Rwanda Tribune.com