Umugabo w’imyaka 75 yarishwe aturiwe kuri uwu wa gatandatu ku mutumba Ruvumu muri komine Bukirasazi intara ya Gitega. Zacharie Mbayahaga yari yikekwa n’abanyagihugu ko ari umurozi.
Abajejwe intwaro muri komine Bukirasazi bamenyesha ko iryo bara ryabereye ku mutumba Ruvumu. Hakaba ari inyuma y’urupfu giturumbuka rw’umuhungu w’umuyabaga wo kuri uyo mutumba.
Umuyabaga w’umuhungu yarapfuye mu buryo budatahuritse. Mw’ishavu ryishi, abanyagihugu baciye baja kurondera umugabo Zacharie Mbayahaga bikeka ko ari we yaroze uwo muhungu, nkuko vyemezwa na Pasteur Nyakimwe, umukuru w’umutumba Ruvumu.
Bamaze kubona uwo mugabo w’imyaka irenga mirongo irindwi, yarakubiswe imbere yo kujanwa ku nkengera z’ikiyaga “Namiko” aho yatuririwe, apfira aho nyene, nkuko ababibonye bavuga.
Inyuma y’iryo bara, igipolisi kikaba carafashe abantu batatu mu ntumbero yo gukora amatohoza. Bakaba bafungiwe mu gasho k’igipolisi muri komine Bukirasazi.
Freddy NKURUNZIZA