Pasitori Mukeshimana Samuel yamuka mu Rwanda, ariko amaze imyaka myinshi aba mu Burundi. Mukeshimana Samuel arongoye ishengero rya Elayoni, rimwe mu mashengero afatwa ko yari yegereye Général Alain-Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere.
Pasitori Samuel Mukeshimana aba muri Village ya gatatu muri komine Gihanga intara ya Bubanza. Iruhande y’amabanga yo mw’ishengero, Samuel Mukeshimana aranakora ibindi bikorwa vyiwe, nko gufyatura amatafari, akabikorera muri Village ya gatanu ku Mpanda. Aho hose ni mu ntara ya Bubanza.
Ejo haheze itariki08/9/2023, isaha umunani z’umurango zirenga gato, abantu batamenyekanye bari muri camionnette Toyota Hilux Double cabine ifise ibiyo bitabona kandi itagira imparati, bamusanze aho afyaturira amatafari muri Village ya gatanu ku Mpanda. Baca baramufata baramujana, Pasitori ntiyanagoranye, yarinjiye imodoka baragenda nk’uko bivugwa n’abamwegereye babikurikiranye.
Abiwe basigaye mu bwoba kubera batazi abajanye uwabo canke iyo apfungiwe. Abiwe bavuga kandi ko inyuma y’ihagarikwa rya Général Alain Guillaume Bunyoni, Pasitori Samuel Mukeshimana yari abayeho acunzwe. Yabona ko hari abantu bamukurikirana iyo aja hose, ariko akabifata ibisanzwe. Ubu rero abiwe ntibazi nimba iryo fatwa rifise ico ripfana n’ipfungwa rya Alain-Guillaume Bunyoni.
Freddy Nkurunziza