Umuyobozi 𝗺𝘂𝗸𝘂𝗿𝘂 𝘄’𝗶𝘀𝗵𝗶𝗿𝗮𝗵𝗮𝗺𝘄𝗲 ry’urwaruka Association Jeune Lumière (𝗔𝗝𝗟) 𝗮𝗿𝗮𝘁𝗮𝗯𝗮𝗿𝗶𝘇𝘄𝗮, nyuma y’ uko 𝗮𝗿𝗶𝗸𝗼 𝗮𝗵𝗶𝗿𝘄𝗮 arahigwa buhongo 𝗻’𝗮𝗯𝗮𝗸𝗼𝘇𝗶 𝗯’𝗶𝗽𝗲𝗿𝗲𝗿𝗲𝘇𝗮 𝗸𝘂𝗴𝗶𝗿𝗮 𝗮𝗴𝗮𝗻𝗱𝗮𝗴𝘂𝗿𝘄𝗲.
Abamutabariza basaba umukuru w’igihugu General Evaliste Ndayishimiye kugira ico akoze cihuta kugira uwo munyagihugu ntagandagurwe kuko ariko ahirwa bikomeye n’abakozi b’iperereza bakoranye n’umutegetsi akomeye mu butungane.
Ishirahamwe AJL:”Association Jeune Lumière” ni ishirahamwe ry’urwaruka ryatanguye mu mwaka wa 2005. Riserukiwe imbere y’amategeko n’uwitwa Gervais NIJIMBERE ari nawe ariko ahirwa kugira agandagurwe.
Abandi 2 bahora bafashanya mukurongora iryo shirahamwe baramaze kugandagurwa n’abakozi b’iperereza nk’uko tugira tubibone imbere.
Ishirahamwe AJL rimaze gushingwa ryaciye ritangura ibikorwa vyo kwiyungunganya mukwiteza imbere harimwo n’ibikorwa vyo gukura imicafu mu gisagara ca Bujumbura. Munyuma abagize iryo shirahamwe baraguze parcelles zingana na 50 ares mu Kigobe, hafi y’ishure bita Arc en Ciel, mu gisagara ca Bujumbura.
Inyuma y’aho ni ho haza uwitwa NIZIGIYIMANA Théodore abasaba ko bomushira mw’ishirahamwe.Baramwemereye araba umunwanyi wa AJL. Ivyakurikiye, umwe Théodore yaciye atangura gushaka kwigarurira ya ma Parcelles, aca atangura gutera ubwoba abo mw’ishirahamwe ko wewe yatumwe n’uwari igihangange, umuhisi Général Adolphe NSHIMIRIMANA.
Aho rero bene Ishirahamwe ni ho bahaguruka kugira biyamirize Théodore, baca batangura kumwitwarira, ariko ntibahavuye boroherwa. Abari barongoye ishirahamwe baciye batangura guhirwa buhongo n’abakozi b’iperereza, bamwe barahunga abandi baranyuruzwa baja kwicwa.
Uwa mbere yitwa Eric NSABIMANA yari Secrétaire Exécutif wa AJL. Yaranyurujwe n’abakozi b’iperereza mu mwaka wa 2016 akuwe mu hira iwe muri Quartier Gikizi ya Zone Kamenge. Kuva ico gihe ntawasubiye kumukubita ijisho gushika uno musi.
Uwa kabiri ni Hugor HARAMATEGEKO, yari Conseiller Juridique wa AJL. Nawe nyene yanyurujwe mu mwaka wa 2016 n’abakozi b’iperereza bamukuye aho yaba mu Cibitoke (Bujumbura). Na we nyene ntawurasubira kumukubita ijisho. Bose baragandaguwe n’abakozi b’iperereza.
Ico gihe, umwe Gervais NIJIMBERE yararongoye AJL yaciye ahungira hanze y’igihugu. Inyuma y’aho,Théodore yaciye yiyandika kur’ayo ma parcelles kuko yaramaze kugandagura abo 2, kandi yabona ko n’uwararongoye AJL yahunze.
Inyuma yo kunyururizwa ababo bakaburirwa irengero, imiryango ya Eric NSABIMANA na Hugor HARAMATEGEKO baciye bitura ubutungane, bitwarira Théodore kuko ari we yari inyuma y’inyuruzwa ry’abo bantu. Ariko vyagumye bidindira kuko uwo Théodore yarakingiwe.
Munyuma, kw’igenekerezo rya 31/08/2023 umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika(Procureur Général de la République)Léonard MANIRAKIZA yarariye umutima amenyo asohora urwandiko, yandikira uwurongoye igipolisi i Bujumbura amusaba gukurikirana NIZIGIYIMANA Théodore ku birego arerwa.
Ariko n’aho umushikirizamanza kizigenza yasohoye urwo rwandiko vyabaye ivy’ubusa kuko Théodore yagumye yidegemvya, nta n’umwe yigeze amukorako gushika uno musi. Ya miryango yanyururizwa ababo iri mukangarantete, ahubwo ni yo yagarutse guterwa ubwoba.
Amakuru dufise yemeza ko Théodore akingiwe na muvyara we yitwa François NKEZABAHIZI, uwo na we ni icariho ca mbere (Premier substitut) ca Procureur Général de la République ari yo mpamvu na rwa rwandiko ataco rwigeze rumara.
Ikibabaje cane n’uko uno musi Théodore afatanije na François NKEZABAHIZI n’abakozi b’iperereza bariko bahiga buhongo Gervais NIJIMBERE kugira bamugandagure kuko bumvise ko yatashe mu gihugu kugira akwirikirane ivy’ayo ma Parcelles. Akaba anyegeye.
Isoko ryacu mw’iperereza ryatubwiye ko hamwe Gervais yofatwa atorara ari muzima. Abo bakozi b’iperereza kandi baguma batera ubwoba imiryango ya bamwe 2 banyuruzwa.
Abatabariza Gervais NIJIMBERE basaba umukuru w’igihugu gukora ubishoboka vyose kugira akingire uwo munyagihugu n’iyo miryango yanyururijwe ababo, yongere afashe kugira basubizwe ama Parcelles yabo ari mu Kigobe, mu gisagara ca Bujumbura.
Amos TWAGIRAMUNGU
Rwandatribune.com