Abaroberi 6 bavuga ikinyarwanda barishwe n’igisirikare c’Uburundi mumpera z’indwi iheze muri Komine Mabayi intara ya CIBITOKE
Umurwi w’abantu bavuga ururimi rw’ikinyarwanda waratanye mumitwe n’abasirikare b’uburundi mw’ijoro ry’uwa kane rishira uwa gatanu n’abasirikare b’Uburundi ku mutumba Mukoma, muri komine Mabayi intara ya Cibitoke.
Abasirikare b’uburundi bari kukirindiro muri ako gace bakaba ako kanya bishe 6 muri izo nyeshamba bivurwako ari interahamwe, abandi 3 barakomereka. Kubw’uruhande rw’abasirikare naho nyene hari abashika 3 bapfuye.
Nkuko amakuru dukura muntara ya Cibitoke abivuga, abo baroberi bavuga Ikinyarwanda bari basohotse ishamba cimeza rya Kibira baje kurondera ivyo kurya ku nguvu mu mihana yegereye iryo shamba cimeza. Abasirikare bari kukirindiro bakaba batatevye kubugururirako umuriro, haca hapfamwo 6 ubwo nyene. Abo bapfuye baciye bahambwa aho nyene n’imbonerakure,
batatu bakomeretse nabo baciye bajanwa mugisagara ca Bujumbura kugirango bakorweko amatohoza.
Amwe mumakuru ava aho i Mabayi avuga ko abo baroberi b’Abanyarwanda bakingiwe ikibaba na bamwe mu banyagihugu n’abadandaza bo ku nkengera y’Ikibira. Ayo makuru nyene avuga ko kuva imigenderanire hagati ya Kigali na Gitega ihinduye isura, igisirikare c’Uburundi naco caciye gitangura kurwanya izo nyeshamba bivurwako ari interahamwe.
Umusirikare ajejwe ivy’intambara mu makomine ya Mabayi na Bukinanyana akaba yamenyesheje ko ibikorwa vya buri musi no gukizura ijoro bigiye kubandanya kugira ngo abo bagwanyi batuzwe.
Hakaba hari haheze amezi makeya, abategetsi b’Uburundi bugaye ubunywero n’amazu y’ibidandazwa vyo ku nkengera y’Ikibira muri komine Mabayi kugira ngo abo bagwanyi b’abanyarwanda ntibaronke aho basumira.