Abana b’abigeme barenga 10 badashikana imyaka 15 barasambanijwe kunguvu mu makomine atatu agize intara ya Cibitoke. Igiturire kirangwa mu butungane kigatuma ico caha kibandanya.
Abana bashika 11 barasambanijwe mu makomine atatu kuri atandatu agize intara ya Cibitoke mu kiringo kidashika ukwezi.
Nk’uko bimenyeshwa n’abaharanira agateka k’abana, abasambanijwe ni abana bakiri batoya bafise hagati y’imyaka 9 na 14.
Ayo makuru nyene avuga ko komine Bukinanyana iza imbere, hagakurikira Mabayi na Murwi .
Abikekwa muri ico caha, ni Imbonerakure z’umuhari w’urwaruka rw’umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD, abimba inzahabu n’abanyonga amapikipiki, canke abigisha bataye akaranga k’umwuga wabo.”
Ikibabaza abavyeyi n’amashirahamwe aharanira agateka k’umwana mu Cibitoke, ni ukudahana nkuko bikwiye ababa bakoze ico caha.
Aha, umwe mubaharanira agateka k’abana atanga akarorero agira ati:
“Mu gihe yari yafatanywe itonga ariko asambanya umwana w’imyaka 14 mw’ihoteri, acirirwa gupfungwa imyaka 20 n’ubutungane, Imbonerakure yasohotse Ibohero rikuru rya Mpimba inyuma y’umwaka umwe gusa”.
Ibitutire bihabwa abacamanza vyagiye birarwirirana hareheze imyaka irenga cumi. Ivyo rero bikagabanya ubwizigirwa ababuranyi bagirira ubutungane ku ngingo zifatwa mu manza zijanye n’amabi afatiye ku gitsina muri rusangi, n’ugufata abana ku nguvu ku buryo bw’umwihariko.
Abo baharanira agateka k’abana bariyamiriza kandi ingendo ifatiye kukumvikana hagati y’imiryango y’abakoze n’abakorewe ico caha, navyo bituma icaha kiba kitagihnwe ngo gituzwe.
“Nk’ukwo umengo ntibikwiye, ukwumvikana hagati y’abakora ayo mabi n’imiryango y’abayakorewe birahagarikirwa n’abajejwe intwaro ku rwego rwo hasi”.
N’ubwo biri ukwo, bamwe mu bavyeyi ntibareka gukurikirana abasambanije abana babo mu nzego zibijejwe. Akenshi bagira ibibazo vy’uburyo canke kuronka ababafasha kuburana. Ariko rero, hari igihe baterwa ubwoba bagahava baheba gukurikirana izo manza. Na cane cane iyo icaha cakozwe n’umunywanyi w’umugambwe uri kubutegetsi.
Akarorero, muri komine ya Murwi, imiyabaga ibiri yo mu mugambwe uri ku butegetsi bari bapfunzwe bararekuwe ku gitsure c’indongozi z’uwo mugambwe kandi bari bafatanywe itonga bariko barasambanya abana bakiri bato babiri, bose bafise imyaka 13, mu ntango z’uku kwezi kwa 11 umwaka w’2023.
Freddy NKURUNZIZA