Izo nyubakwa zahitanye abantu kumusi wa kane Ishure rikiriko riirubakwa niryo ryasenyutse rihitana abantu bane bapfuye n’uwundi umwe yakomeretse mugisgara ca Bukavu mubuseruko bwa Congo
Izo nyubakwa n’iz’ishure ryitwa “Omega La Merveille”. Mubapfuye harimwo umuyobozi w’ishure ry’intango, umuhanuzi wiwe mubijanye n’indero, hamwe n’umwigisha, nkuko bimenyeshwa na Patience Bengheya, arongoye komine Bagira muri Bukavu ahabereye iyo mpanuka.
Ababibonue bavuga ko abafundi bariko barimba ikinogo kirekire muri izo nyubakwa imbere, bamaze kubona ko hariho ikibazo muvyo bariko barakora ngo baciye biruka barahunga mugihe,mugihe abigisha kuri iryo shure bobo bari munama y’akazi. Igisenge cahavuye kibakorokerako kirafurira.
Abambere rero ngo bobazwa iryo sanganya nabategetse kwimba ico kinogo muri izo nyubakwa batabanje kwihweza neza inkurikizi zishobora gushika. Abajejwe intwaro bavuga ko Imana yakinze kuko abanyeshure bari mukiruhuko, ngo nayahandi abari kuhasiga ubuzima bari kuba benshi gusumba.
Isanganya nkiryo rikaba ryaheruka kuba mu 2021 i Goma muburako bwa Bukavu aho abantu batari bake bahasize ubuzima.
Nkurinziza Freddy