Abasirikare b’ Abarundi barungitswe muri RDC, kurwanya umuhari M23, muri Kivu y’Amajaruguru, baraye bacanyemwo, bararasana bamwe barapfa, abandi barakomereka.
Hari ku munsi w’ejo igenekerezo rya 18/04/2024 aho abasirikare bagera kuri mirongo itandatu n’abatanu (65 militaires Burundais,) bariko bagerageza guhunga imirwano yariko ibera muduce twa Minova RDC, bagomba kwerekeza muri Kivu y’Amajepfo muri Minembwe (Sud Kivu), bagenzi babo babibonye barabatangira barabankira, imigwano hagati yabo iba iradutse, bararasana bikomeye.
Amakuru ava muri iyo migwi ibiri, avuga ko hoba hari abasirikare bagera kuri cumi (10 militaires) muri abo bagomba kwerekeza muri Kivu yAmajepfo bapfuye, abandi indwi barakomereka,
Nayo mubasirikare bagomvye kwankira bagenzi babo kugenda, bivugwa ko hoba hapfuye abasirikare bagera kuri mirongo ibiri, n’abandi cumi bakomeretse bikomeye..
Murabo basirikare bagomba kuja muri Kivu y’ Amajepfo, biravugwa ko hari umusirikare wo ku rwego rw’ abofisiye yapfuye muri iyo migwano harimwo Major Joseph, yohoze kera ari mwishamba ari umugwanyi wa Palipehutu FNL,,
Mwomenya ko abasirikare b’Abarundi bari muri Kivu y’Amajaruguru, hamaze iminsi hibonekeza ukutumvikana kwigaragaza hagati yabo, buturutse ko atagahembo bakibona, infungurwa zarabuze, ikindi kinabasonga gusumba, nuko iyo hagize umusirikare w’ Umurundi apfa, imiryango yabo itakibimenyeshwa, ahubwo igisirikare na leta y’ Uburundi baca bihutira kumenyesha imiryango yabo ko uwabo yatorotse igisirikari kandi aba yarapfuye.
Abo basirikare bari bagiye muri Kivu y’ Amajepfo, biravugwa ko boba bari bagiye gusangayo, uyundi murwi wabasirikare ba FNL, urongowe na Général Major Aloys Nzabampema, aheruka gushira itangazo ku mugaragaro igenekerezo rya 16/04/2024 ko umuhari arongoye ugiye kugira ibitero uhangane n’igisirikare c’Uburundi FDNB, mu ntumbero yo gutembagaza intwaro yagacinyizo ifukamitse munda igihugu c’Uburundi n’Abarundi..
Ikindi nuko muri kino gihe, mu basirikare b’Abarundi bari muri RDC, mu Ntara ya Kivu y’Amajaruguru, bamaze iminsi barangwa n’umwumvikano muke, bivuye ku kugene bafashwe nabi n’indongozi zabo, abapfuye ntivyigere bimenyeshwa ababo,,, ahubwo bagaca babesha imiryango yabo ko baba batorotse igisirikare c’igihugu..
Akarorero ka hafi, ni ak’umusirikare w’ Umukaporali Thierry Manirakiza, avuka ku Mutumba Mubuga Komine Vyanda Intara ya Bururi, yari amaze igihe kinini arungitswe n’igihugu muri Kivu y’Amajaruguru, umuryango wiwe umaze amezi atatu atagakuru kiwe ufise, ndetse woba ufise amakuru aturuka muri bagenziwe bari muri RDC ko yapfuye.
Maze uwo muryango ugiye kubaza mu gisirikare amakuru y’uwabo, igisirikare cababwiye ko batazi iyo ageze kuko ngo yatorotse igisirikare c’Uburundi haheze igihe, Gushika nubu umuryango wa Thierry Manirakiza ukaba utabona ico ufata nico ureka.
Imiryango ifise abasirikare muri RDC, barasaba ko ababo botahukanwa vuba na bwango, kuko bariko bapfa urwagashinyaguro kandi bari ingabo z’igihugu c’Uburundi.
Desire NKUNDWA
Rwandatribune.com