Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa repubulika ya demokarasi ya Congo yagiriza umuhari M23 kwica aba civile 12 ahegereye ibirindiro vy’abasirikare ba AEC bajejwe gucungera ako karere
Munama y’abashikiranganji yo kumusi wa gatanu, icegera c’umushikiranganji wa mbere akaba n’umushikiranganji wo kwivuna abansi wa repubulika ya demokarasi ya Congo yaragize ico ashikiriza kumutekano muke urangwa mubuseruko bwa Congo,na cane cane muntara za Kivu y’amaja ruguru hamwe na Ituri.
Jean Pierre Bemba agira ati: “Abasirikare ba reta ya Congo ntaco badakora kugirango bakingire igihugu muguhangana n’umuhari M23 n’igisirikare c’Urwanda”.
Umushikiranganji wa Congo wo kwivuna abansi yaboneyoho akanya ko kunegura ubwicanyi bukorerwa aba civile muri Kivu y’amaja ruguru, ubwicanyi bukorwa n’umuhari M23 ushigikiwe n’Urwanda, kandibugakorerwa hafi y’ibirindiro vy’ingabo za EAC vitwa ko arizo zari zijejwe gucungera ako karere kataberamwo imirwano.
Nkuko tubisanga mucegeranyo c’iyo nama y’abashikirangaji, Jean Pierre Bemba agira ati: “Urwo runani rwa M23 n’igirikare c’Urwanda RDF rwishe aba civile 12 abandi 6 barakomereka, ibintu vyinshi birasahurwa imbere yo guturira amazu atari make kuwa 5/8/2023 muri village Murangara kwibarabara rya Rwindi mukarere ka Tongo atari kure y’ikirindiro c’ingabo za EAC”
Jean Pierre Bemba abandanya avuga ko abasirikare ba Congo “FARDC” babandanya guhangana n’imirwi nkiy’ ADF/MTM, iya CODECO, iya ZAÏRE n’iyaba MAI-MAI.
Jean-Pierre Bemba arangiza amenyesha ko n’ubwo biri uko, abenshi mundongozi n’abarwanyi ba ADFna MTM batawe muri yompi, abandi barishikana, hamwe n’abandi bashwiragiye biturutse kubwira bw’urunani rw’abasirikare FARDC-UPDF.
Nkurunziza Freddy