Mu Burundi, amakuru atangwa n’abasirikare bava mu makambi atandukanye y’igihugu, avuga ko hari abasirikare b’abarundi bagera kumajana umunani (800militaires), abamaze kwegeranirizwa mw’ikambi ya “MUTUKURA” iri muntara ya Cankuzo. Bakanavuga ko n’abandi bazoguma bazanwa, kugira bakwize igitiri cigihumbi namajana abiri (1200 militaires) bazoce baja kurwanya umuhari M23 muri Congo (RDC).
Amakuru y’isoko ya Rwanda Tribune TV ava mu ntara ya cankuzo kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 30/01/2024 , atumenyesha ko mu gushika mu gihugu ca RDC, bazocishwa mu gihugu ca Tananiya, kugira bitwe nkabasirikare ba Tanzaniya bagiye muri SADC.
Ayo akaba ari amayeri ya President Evariste Ndayishimiye nakagwi bakorana kugira banyegeze abarundi, ko abandanya arungika abasirikare babarundi k’umacuniro (kwicwa ugwagashinyaguro) kunyungu ziwe bwite.
Abo basirikare bazoba barongowe n’intwazangabo izwi mu gutoteza abantu benshi, inyuruzwa, iyica Rubozo mu Burundi ; akaba yitwa koroneri Ndayishimiye Aroni,asanzwe atwara ibatayo ya majana abiri nacumi nakabiri (212).
Abo basirikare bakaba bakurwa mu makambi atandukanye y’igihugu,bakazanwa mw’ikambi ya MUTUKURA batazi ikibajanye, n’iyo bagiye.
Icitonderwa :N’uko bashitse muriyo kambi, ntanumwe asubira gusohoka canke yemerewe gukoresha telefone ; baba bacunzwe n’abasirikare bagenzi babo babizigirwa murico gikorwa co gushora abana b’uburundi k’umacuniro mugihugu ca RDC.
Abarundi benshi be n’imiryango y’abo basirikare, barasaba bashimitse President Evariste Ndayishimiye guhagarika ivyo bikorwa bigayitse.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com