Hari umunyagihugu yanyurujwe n’abakozi biperereza kumunsi wagatatu rya 08/05/2024 avuye Ku buro vy’inyamiramabi (police judiciaire) biri muri quartier jabe zone bwiza komine mukaza mu gisagara ca Bujumbura.
Uwo nawe akaba ari umugwizatunga akomeye azwi ku mazina ya NDIKUMANA Guy Armand batazira “kowen” afise imyaka mirongo ine nitatu (43ans).
NDIKUMANA Guy Armand yanyurujwe mugihe ca 11h30mn avuye muri zone bwiza kuri biro ya police judiciaire, kurondera impapuro yarakeneye,niho abakozi baho bamubwira ko ategerezwa kubanza kuja kuriha amafaranga muri OBR (Office Burundaise des Recettes),nawe aca arataha afata ibarabara rya 10 bwiza,akigenda ageze hagati na hagati haciye haza imodoka yo mubwoko bwa probox yera, ifise ibiyo bitabona na plaque zayo zidakwiye zikase C734A.
Iyo modoka yarimwo aba polisi,bahaca bahagaragara imbere ya NDIKUMANA Guy Armand,baramufata baraboha,bamwuriza ya probox,ica iva ngaho yiruka cane yerekeza quartier nyakabiga.
Abiwe bamaze kumenya inkuru mbi, bagerageje kumuhamagara kuri téléphone ziwe, zose zari zizimije, bagerageza no kumurondera mubusho butandukanye ariko gushika iyi saha twandika iyi nkuru Umuryango wiwe ukaba utaramenya uwabo aho ari.
NDIKUMANA Guy Armand,akaba yaba mugisagara ca Bujumbura muri komine muha,,zone kanyosha, ariko akaba yavukiye kumutumba wa rusivya komine kayokwe intara ya Mwaro…
Akazi kiwe ka minsi yose, akaba yakorera mugisata co kwakira ingenzi, afise hôtel zibiri,imwe iri muri zone bwiza kuri 6ème avenue “Hôtel TEOS” niyindi iri muri zone kanyosha mugisagara ca Bujumbura..
Umuryango wiwe ukaba usaba ko uwabo atokwicwa nkuko bisanzwe bimenyerewe iyo umuntu anyurujwe murubwo buryo