Abasirikare ba Israyeri bagira bati: “harageze ko twinjira mubumanuko bwa Gaza”, mugihe reta ya Israyeri yaburiye abantu bose bari muburaruko bw’ akarere ka Gaza guhungira mubumanuko bw’ako karere.
Abanya Gaza bangana ibihumbi n’ibihumbi baguma bahungira mubumanuko bw’ico gisagara kubwinshi.
Ibitero vya Israyeri mukarere ka Gaza bikaba bimaze guhitana abantu 2.329 nkuko ibiharuro vyanyuma vyashikirijwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwa Hamas muri Palestine mugitondo co kuri uno w’Imana igenekerezo rya 15 ukwezi kw’icumi bivyerekana.
Umushikiranganji wa mbere wa Israyeri Benyamin NETANYAHU wewe akavuga ko iyo ari intango nyabuna, hari ico batarabona.
Kuri uno wa mungu mugitondo, igisirikare ca Israyeri kikaba cabandanije gihimiriza abanyagaza guhungira mubumanuko bw’ako karere, ngo kuko ariho bogira amahigwe yo kurokoka, nkuko bivugwa na Amiral Hagari, umuvugizi w’igisirikare ca Israyeri.
Reta ya Israyeri nayo ikagira iti: “Isaha yo kwinjira irageze”, nkuko bigaragarira kumbuga ngurukanabumenyi.
Hagati aho, imyiteguro y’abasirikare ba Israyeri barwanira hasi ikaba ibandanya urutavanako. Ibimenyesha makuru vyo muri Israyeri bikaba bikurakuranwa kumenyesha ko kizoba ari gitero gikomeye kandi kidasanzwe c’ingabo zirwanira hasi zigera kubihumbi n’ibihumbi zimaze kwegeranywa.
Mw’ijoro ryakeye ryo kuwa 14 rishira uwa 15, amabombo n’ibisasu biremereye bikaba vyaraye birabomborana mubumanuko bwa Israyeri ndetse no mumicungararo ya Tel Aviv umurwa mukuru wa Israyeri.
Abasirikare b’integabizoza ba Israyeri bashika ibihumbi 300 bakaba bamaze kwiyegeraniriza kurubibe rwa Israyeri na Hamas bameze magabo barindiriye gusa ko bahabwa itegeko ryo kwinjira.
Reta zunze ubumwe za Amerika nazo zikaba zarungikiye Israyeri ubwato bw’intanbara bugira kabiri.
Freddy NKURUNZIZA
Rwandatribune.com