Umushikiranganji wa mbere wa Israël Benjamin Netanyahu yaraye yemeje ko ingabo ziwe zirwanira ku butaka zinjiye icese muri Gaza muntambwe igira kabiri y’urugamba na Hamas.
Netanyahu avuga ko ingabo za Israël zinjiye mu co yise “ikirindiro c’ikibi”, ashaka kuvuga Gaza, mugikorwa co gusambura Hamas no kugarukana abanyurujwe. Avuga kandi ko izo ngabo zarungitswe mu bice vyose zifise intego zitomoye.
Umushikiranganji wa mbere avuga ko igisirikare ca Israel (IDF) kiriko kirafata ingingo zose zo gukingira abasivire, nyabuna akagiriza Hamas ko iriko irakora ivyaha vyo mu ntambara n’ivyaha bikorerwa kiremwamuntu mu gukoresha abantu nk’inkinzo zayo.
Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu wa Gaza, agace karongowe na Hamas, avuga ko abantu bamaze kwicwa gushika ubu barenga 8000 kuva Israel itanguye ibitero vy’ibibombe vy’urutavanako. Ku wa gatanu, ishami rya ONU rijejwe amagara y’abantu ryavuze ko 40% y’abamaze kwicwa mu bitero vya Israel ari abana.
Hamas nayo yagandaguye abantu barenga 1400 muri Israel mu bitero vyayo vyo ku wa 7 uku kwezi kwa 10. Benshi muri bo bari abasivire.
Ibi bitero bikaba arivyo vyabaye inkwezi y’amarere, aho Israel yaciye itangura ibitero vyo kwihora, ibitero vyo mu kirere bikaba ari urutavanako gushika uno musi. Hakaba rero hiyongereyeko ibitero vyo ku butaka mu co abategetsi ba Israel bita intambwe ya kabiri y’urugamba.
Benjamin Netanyahu avuga ko gutuza Hamas ari yo ntego nyamukuru, nayo kurekuza abanyurujwe ari intego ya kabiri.
Ico rero iyi ntambwe ya kabiri y’intambara isigura, n’uko mu ndwi iheze, umushikiranganji wa Israel ajejwe kwivuna abansi, Yoav Gallant, yabwiye komite y’inama nshingamateka ko iyi ntambara izogira intambwe zitatu.
Gallant yagize ati: “Intambwe ya mbere izoba iyo gusambura ibikorwa remezo vyose vya Hamas mu ntumbero yo gutsinda no gutuza Hamas”.
Intambwe ya kabiri nayo ikaba iyo kubandanya intambara, aho ingabo zizokora kugira ngo zituze uturwi twose tworondera kubandanya intambara.
Nayo intambwe ya 3, Gallant avuga ko ariyo kurondera gukura umuzigo kuri Israel ku bijanye n’ubuzima bwa Gaza, hamwe no gutegura imigambi mishasha yo gutsimbataza umutekano w’abanyagihugu ba Israel.
Freddy NKURUNZIZA.