Abahiritse ubutegetsi muri Niger bahaye uburenganzira ibihugu vya Mali na Burkina Faso bwo kurungika abasirikare kubutaka bwa Niger mugihe ico gihugu coterwa. Biri mw’itangazo ry’ivyo bihugu uko ari bitatu ryo kuri uno wa kane.
Abahiritse ubutegetsi muri Niger bikaba bigaragara ko bariko baritegurira guhangana nabo bose biyumvira gukoresha inguvu, kugirango basubize ubutegetsi prezida Mohamed Bazoum. Hakaba ari inyuma yaho ibihugu bihurikiye muri CEDEAO bimenyeshereje ko vyahejeje kwitegura kurungika ingabo muri Niger, mu ntumbero yo gusubiza kubutegetsi prezida Bazoom kunguvu.
Ibihugu vya Mali na Burkina Faso bikamenyesha ko mugihe igihugu ca Niger kizoba gitewe bizofata ko navyo nyene bitewe kandi ko bizoca vyinjira muntambara ako kanya nyene.
Fréddy Nkurunziza