Président Evariste Ndayishimiye mu bwoba, mu gihe u Burundi bumaze igihe butakaza abasirikare benshi cane hamwe n’imbonerakure, mu ntambara we n’akagwi kiwe bashoyemwo abana b’u Burundi muri Congo (RDC) kugwanya M23.
Leta y’u Burundi inyuma y’inama yabereye Addis-Abeba, yarasavye ibihugu bihurikiye muri SADC, ko vyokwemera bigafatanya n’u Burundi mu kugira ibitero kuri M23.
Ubwo busabe président Evariste Ndayishimiye akaba yabuganiriye na président Félix Tshisekedi Tshilombo wa RDC n’uwa Afurika yepfo Cryill Ramaphosa.
Ingabo za SADC zikaba zizoca zihindura izina kubera u Burundi bwinjiyemwo ikitwa SAMIDRC.
Ivyo vyose président Evariste Ndayishimiye akaba yabisavye mu ntumbero yo gusa nk’uwikingira ku mabi, bamwe mu basirikare n’imbonerakure bakorera abanyagihugu bo muri RDC cane cane muri Kivu yamajaruguru.
Hakaba hari na bamwe mu bakurikiranira hafi ibibera muri RDC, bamaze iminsi bavuga ko leta y’u Burundi izobazwa ubwicanyi ndengakamere buri kubera muri RDC.
Iyindi mvo n’uko igisirikare c’u Burundi kubera kubura inguvu zo guhangana na M23, batanguye gukoresha ibigwanisho bitacemewe kw’isi yose mu bihe vyi migwano, ivyo navyo ni nka za mine (des mines) zikaba zarakuwe ku rutonde rwibigwanisho kwisi yose eka n’uburundi bukaba bwaravyemeje.
Ariko igisirikare c’u Burundi kikaba carirengagije ayo mategeko, batwara izo mine mu buryo bwo guhangana na M23 mu ngwano mu gihugu ca RDC.
Bisigura ko ubwo bufatanye yasavye bwo gukorana n’ibihugu biri muri SADC mukugwanya M23, yarafise intumbero yo kwikingira ku mabi yagirizwa abera muri RDC, bivuye kuriwe.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com