Mu ikambi y’agateganyo ya Sange muri teritwari ya Uvira haharurwa muri kino gihe Abarundi barenga ibihumbi bitanu bariko basaba ubuhungiro. Benshi muri bo n’abanywanyi b’umugambwe CNL wa Agathon Rwasa bahunga kumusi kumusi Imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD uri kubutegetsi mu Burundi.
Nk’uko bimenyeshwa n’umurwi w’igihugu ujejwe impunzi muri repubulika iharanira demokarasi ya Congo, abarundi barenga 5000 bari mu ikambi y’agateganyo ya sange aho bariko barasabira ubuhungiro. Ni kubirometero 36 y’igisagara ca Uvira.
Bamwe muri abo Barundi bamaze amezi arenga abiri mu ikambi ya Sange, abandi bahashika kumusi kumusi. Abenshi bakaba ari abo mumugambwe CNL wa Agathon Rwasa baturuka muntara za Bubanza na Cibitoke. Bakavuga ko bahorwa kuba batinjiye mumugambwe CNDD-FDD uri kubutegetsi.
“Jewe nahunze mva muntara ya Cibitoke. Twebwe turahohoterwa tukagirirwa nabi n’abantu ngo n’uko tudasangiye umugambwe, bakaduhora ngo turi aba CNL. Tugira ngo turaryamye tukaza tubona bariko baratuvumburirako uturago n’uduhuzu, bavugango mwebwe ni igiki cababuje kuja muri CNDD-FDD? Natwe tuti mwanyakugira Imana, twebwe ntituzi ico wotora n’ico tworeka. Ni mutureko twibereho uku nyene. Nabo bagaca bavuga ngo ico ntigikunda ntigikunda”, uko niko umwe muri abo barundi avuga icatumye bata bakomoka.
Abo barundi babayeho nabi cane, bamwe barara mutuzu tuzitije imisegetera canke utumwanya, abandi ukabasanga munsi y’ibiti.
“Jewe nari nahungutse mu 2021, ariko munyuma basubira kunyirukako ninaho naciye nsubira ndahunga”, bivurwa n’umwe yari yarahungutse ava aho nyene Uvira, haraheze imyaka ibiri.
Izo mpunzi zigwiriyemwo abanya Bubanza na Cibitoke, muguhunga baca muruzi Rusizi aho bahura n’ingorane nyinshi narirya n’urwo ruzi ruhakwa kubahitana.
“Twambukira kumigumbugumbu.Namba umugumbugumbu usambukiye mumazi, biba biheze uratwawe, namba imvura ije igakubita,ntakundi uragiye. (https://basicbluesnation.com/) Kuko wa murovyi ntazokwigura,aca arekura wewe ukagenda nawe agakiza ubugingo bwiwe”.
Abo barundi basaba ubuhungiro muri Congo bungabirijwe n’ingorane nyinshi aho mw’ikambi y’agateganyo ya Sange, harimwo inzara no kurara hanze.
“Trabura amazi yo kunwa meza,turabura ivyo kurya, abana nabo bariko baraturirira mumaso, bararwara ntibavurwe, tumaze kubura abana benshi cane”.
Nkuko bimenyeshwa n’umurwi w’igihugu ujejwe mpunzi muri Uvira, uretse abo barundi barega ibihumbi bitanu bari muri Sange basaba ubuhungiro, hari abandibashika 2200 bari mw’ikambi y’agateganyo ya Kavimvira.
Bamwe mubanye Congo n’abaharanaira agateka ka muntu bakavuga ko badatahura ingene abarundi babandanya guhunga igihugu cabo, mbere n’abahungutse bagasubira guhunga, mugihe bivurwa ko amahoro ari yose mu Burundi.
Freddy Nkurunziza