Leta ya Kinshasa yamenyesheje kuri uno wa 04/9/2023 abategetsi mugisirikare batawe muri yombi bagirizwa ko bagize uruhara mw’iyicwa ry’abantu barenga 40 bari mumyigaragamvyo kuwa 30/8/2023 mugisagara ca Goma muburasizuba bwa Congo
Umurwi ugizwe n’intumwa zo mubushikiranganji butandukanye muri repubulika ya demokarasi ya Congo zarungitswe I Goma gukora amatohoza kubantu bashika 43 biciwe mumyiyerekano iherutse kubera kumurwa mukuru wa Kivu y’amaja ruguru, wamaze gufatira ibihano bamwe mubajewe umutekano.
Muri iri joro ryakeye, umushikiranganji w’intwaro mugihugu hagati Peter Kazadi,ari kumwe n’umushikiranganji wo kwivuna abansi Jean-Pierre Bemba, yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru aho yamenyesheje ko umukuru wa brigade ijejwe gucungera inzego hamwe n’umukuru w’abasirikare bakorera i Goma batawe muri yombi bagafungwa kumugoroba wo kuri uno wa 03/9/2023.
Urubanza rwabo rukaba rutegekanijwe kumutaga wo kuri uno musi wa mbere muri sentare nkuru ya gisirikare.
Umushikiranganji w’intwaro mugihugu hagati Peter Kazadi yasavye abanyagihugu kuguma batekanye, bakagirira icizere leta, bakanagirira icizere kandi ubutungane bwa Congo bugiye kumenyesha mumasaha ari imbere ivyavuye murubanza.
Peter Kazadi yanahamagariye umuntu wese azosanga yarazimije umuntu m’umuryango wiwe, kwitura sentare nkuru ya gisirikare kugirango azoje gushikiriza imburano ziwe murubanza ruzokurikira.
Nkurunziza Freddy