Imirimo yakozwe nabi nabi mugisagara ca Goma, umurwa mukuru wa Kivu y’amajaruguru inyuma yaho imihari yo gukunda igihugu ihamagariye abantu bose guhagarika ibikorwa kuri uno wa mbere tariki ya 04/9/2023
Iyo mihari iharanira demokarasi mugufata iyo ngingo, yashatse kwiyamiriza ugusesa amaraso kw’abasirikare ba Congo FARDC mugushwiragiza abanywanyi b’umuhari Wazalendo bari mumyiyerekano kumusi wa 3 w’indwi iheze.
Amakuru ava I Goma amenyeshako uruja n’uruza rwari ruke cane kandi amabarabara amwe amwe yo mugisagara yari azibiye.
Ivyatumye n’itangura ry’amashure ryari kuba kuri uno wa mbere i Goma ritagenda neza kuko atamuvyeyi numwe yarungitse umwana wiwe kwishure.
Ayo makuru nyene avugako n’ubucuruzi bwahungabanye, ama boutiques n’ayandi mazu y’ubudandaji atuguruye mugihe ariko banyeneyo bagundanira kumiryango yaho bakorera.
Humvikanye kandi n’amasase yo gutera ubwoba muma karitiye akomakomeye yo muburaruko bushira uburengero bw’igisagara ca Goma. Nayo mugisagara hagati hari agacerere ntangere.
Mugatondo, abajejwe umutekano bari bazindutse bakuraho ivyari bizibije amabarabara kugirango imodoka n’amapikipiki bishobore kurengana.
Kuva abantu barenga 40 basize ubuzima mumyiyerekano iheruka kubera mugisagara ca Goma, gushika n’ubu imitima y’abantu ikaba idatekanye.
Freddy Nkurunziza