Mu Burundi, imbonerakure ziva muntara za cibitoke, Bujumbura, Bubanza na Rumonge, zatowe n’abaserukira abandi, bizewe n’ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye numugambwe Cndd Fdd,bose bahuriye mu ntara ya Cibitoke kuva itarike 19/01/2024.
Izo mbonerakure zaje gukora imyimenyerezo ya gisirikare n’ibindi bijanye navyo, bivuye ku kamo bongeye guterwa n’umukuru w’umugambwe Cndd Fdd Reverien Ndikuriyo, umukuru w’inama nshingamateka Gélase Ndabirabe hamwe na Président Evariste Ndayishimiye.
Bose babwiye izo mbonerakure ko ari ngombwa kugwanira igihugu, nica Congo (RDC) ngo kandi hagize n’abapfa bari kurugamba bazoja mw’Ijuru.
Izo mbonerakure bariko bazigisha gukoresha ibikoho bikomakomeye (artilleries ), no kunonosora ubuhinga mubijanye n’Intambara.
Biravugwa ko bamwe mu babigisha harimwo n’aba FDLR.
Bamwe murizo mbonerakure,bitegekanijwe ko bazoca baja RDC kurwanya M23, abandi kurwanya Red tabara,be no gucungera imbibe z’igihugu.
Bitegekanijwe ko ico gikorwa kizobandanya mugihugu cose, nkuko imbonerakure ziri murico gikorwa zibivuga, kuko ari integuro ya leta y’Uburundi n’umugambwe Cndd Fdd.
Ikindi cihishije inyuma y’iyo myiteguro ya gisirikare, nuko ari kugira bakwize igitiri c’abasirikare leta y’uburundi yasezeranye na leta ya RDC.
Ikindi cihuta nuko ari ngombwa ko abapfiriye kurugamba, bategerezwa guca basubirizwa vuba na vuba.
Imbonerakure zimwe zimwe, zatanguye gutinya kuja muri RDC, zikisabira kuguma mu Burundi, zikora irondo ry’umutekano , kugutinya ingwano iri kubera muri Kivu RDC.
Bivugwa ko batinya cane kubera iyo bashitseyo basigaye babaka téléphone bose,bakaja kurugamba; iyo rero hagize uwupfa, imiryango yabo ntiheza ngo ibimenyeshwe , canke ngo ibiziga vyabo bitahukanwe i Burundi, bihambanwe iteka n’imiryango yabo.
Ikinababaza nuko gushika ubu atarufaranga narumwe bakibaha imbere yo kujabuka RDC, ariko ubwambere imbonerakure imwe yahabwa hagati yibihumbi 300.000fb na 500.000fb.
Izo mbonerakure iyo zihejeje iyo myimenyerezo ya gisirikare, baraziha ico bita (umubatizo) wo kurasa ivyo bikoho no gutera za grenade.
Ico gikorwa bagikorera kubirometero bitatu uvuye kumugwa mukuru w’intara ya Cibitoke, kumusozi witwa ” CISHEMERE” uri muri commune Rugombo.
Icitonderwa: Abanyagihugu baho barasa ko ivyo bintu vyohagarara, kubera bibateza umutekano muke, na cane cane iyo bariko batera ivyo bisasu murutwo duce babamwo.
Nkundwa Désiré
Rwandatribune.com