Umuji wa Goma urangwa n’umutekano muke mu bice vyose biwugize, kuko hama hicwa abantu barashwe ku mugaragaro naba wazalendo.
Ivyo bikaba binemezwa na gouverneur w’intara ya kivu yamajaruguru Général Peter Cirumwami,aho avuga ko Goma harangwa umutekano muke,,akanemeza ko mukiringo c’indwi imwe gusa,hamaze kwicwa abantu bashika mirongo ibiri na batatu (23 personnes tuées dans un espace d’une semaine).
Ubwo bw’icanyi ndengakamere ahanini bukaba buturuka kw’itangwa ry’ibigwanisho na leta ya RDC kumisoresore ya wazalendo,,iyo nayo akaba atabumenyi nubushishozi bafise mu gukoresha ibigwanisho vya gisirikare..
Ubu rero aba wazalendo bari mumuji wa Goma, bakaba birirwa bayerera mubice bitandukanye vya goma, bitwaje ibigwanisho,,,bigatako bakanica abaturagi mumuji wa Goma izuba riva, bakongera bakanasahura abaturagi amafaranga niyindi mitungo.
Muri kino gihe,abatuye mumuji wa Goma, bakaba babayeho mubwoba bidasanzwe,bivuye kurabo basore ba wazalendo bahawe ibigwanisho,nabo bagaca babikoresha mukwica bunyamaswa abaturagi,,kandi ntibigere bahagarikwa ngo bahanwe kuvyaha bagirizwa,, eka baguma bidegemvya ukuri kwamye.
NKUNDWA Desire
Rwandatribune.com