Abariko baratana mumutwe muri Kivu y’amaja ruguru baragirizanya ubwicanyi bw’aba sivile buriko burahakorerwa
Abajejwe agateka ka zina muntu muri teritware ya Rutshuru baratabaza bavuga ko bariko barakorwako iterabwoba n’abarongoye imirwi y’abarwanyi.
Baharura 18 mu barongoye amashirahamwe bishwe n’abitwaje ibigwanisho mu kiringo c’amezi atatu.
Kubwa Patrick Ricky Paluku, arongoye rimwe mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu muri teritware ya Rutshuru, abaharanira agateka ka muntu batari musi ya 18 baramaze kwicwa mu kiringo c’amezi atatu gusa.
Ubuhuzabikorwa bw’ishirahamwe ryigenga, Forces Vives de Rushuru, butomora ku ruhande rwabwo ko abarwanyi ba M23, hamwe n’abagwanyi ba CMC Nyatura, Maï-Maï n’iyindi mirwi y’abagwanyi bose ari intandaro ry’ubwicanyi buriko bukorerwa abaharanira agateka ka zina muntu.
Abarongoye imirwi yitwaje ibigwanisho ivugwa, baratanatanako ubwo bwicanyi bagirizwa n’ayo mashirahamwe yigenga. Muri M23 bavuga ko reta ya Kinshasa nabo bafadikanije aribo bakora ubwo bwicanyi muntumbero yo gucafuza uyo muhari.
“Ni abasirikare bo mu runani rwa leta ya Kinshasa, CMC Nyatura, Maï-Maï na FDLR. Bica abantu n’abaserukira amashirahamwe yigenga mu ntumbero yo gucafuza ishusho yacu gusa. Baranyegeza amakanda y’ukuntu bafashanya mu gutera ibirindiro vyacu ariko kandi no gutera abantu bose bavuga ikinyarwanda”, ni ko vyashikirijwe na Major Willy Ngoma avugira M23.
Major Willy Ngoma arongera ati : “Ntitwokwigera twica abanyagihugu batwizera kandi twitwa ko ducungereye mu gitondo, ku murango no ku mugoroba, kandi tubakingira nk’uko bitegekanijwe”.
Mu ndwi iheze kandi, abanyagihugu barenga cumi bakaba barishwe mu gace ka Bungushu muri sheferi ya Bwito muri Rutshuru, nkuko bivurwa n’umushingamateka aturuka muri iyo ntara. Aho iryo bara ryaguye hakaba hacungerewe n’abasirikare bo mu ngabo z’akarere ka EAC.
Freddy Nkurunziza
Rwandatribune.com