Abateshejwe izabo bari muri site Adventiste Kasenyi muri Kivu y’amaja ruguru muri Republika ya demokarasi ya Congo barageramiwe no kubura imfugurwa n’ibindi vya nkenerwa. Abatari bake bihereza ibarabara basegerereza.
Bakaba batabarizwa n’umukuru wa site Adventiste Kasenyi aho avugako ubuzima barimwo buteye agahinda.
Abo bahunze intambara ziriko zibera mubuseruko bwa Congo akaba atamfashanyo nimwe baronswa, zaba infungurwa, ivyambarwa, ivyo kwifuka, ibikoresho vy’isuku n’ibindi.
Uwurongoye iyo site Adventiste Kasenyi atera akamo abagira neza kugarukira vyihuta kuri izo mpunzi.
Iyo site ikaba itari kure y’igisagara ca Goma umurwa mukuru wa Kivu y’amaja ruguru mubuseruko bwa Republika ya demokarasi ya Congo.
Freddy Nkurunziza