Ikibuga c’indege c’umurwa mukuru w’intara ya Daguestan mu Burusiya, caraye cugarijwe n’abantu bariko bahiga ingezi zizananye muri Israël.
Ikibuga c’indege ca Makhatchkala, umugwa mukuru w’intara ya Daguestan yiharijwe n’abo mw’idini rya Islam, carugarijwe kumugoroba wo kuri uyu wa 29 ukwezi kwa 10, n’ isinzi ry’abantu bagumutse, bumvise ko hari indege ihageze izanaye muri Israël.
Abo banyagihugu bo mu Burusiya bahurikiye m’idini rya Islama, bashwaye ico kibuga c’indege bafise amadarapo ya Palestine bongera bahayagiza ico gihugu. Bamwe baca kuma bariyeri kunguvu, abandi bagaca hejuru k’umabati mukwinjira imbere mukibuga c’indege.
Imodoka zose ziva kuri ico kibuga c’indege barazihagarika bagasaba abarimwo kwerekana ivya ngombwa vyabo, kugirango barabe uwoba afise ibimuranga vyo muri Israël.
Hari n’abishikiye kuri iyo ndege y’i compagnie « Red Wings » yo mu Burusiya yari ije iva I Tel Aviv k’umurwa mukuru wa Israël. Ariko iyo ndege ngo ikaba yari yaharuhukiye gusa, imbere yo gusubira guhaguruka igana mu Burusiya.
Reta ya Israël ikaba yaciye isohora ubutumwa isaba reta y’Uburusiya gukingira abanya Isrel bose n’Abayahudi bari muri ico gihugugu.
Abapolisi ariko bakaba baciye bahasika kugirango basubize ibintu muburyo.
Hakaba haciye hafatwa ingingo yo kugara ico kibuga c’indege ca Daguestan gushika kw’igenekerezo rya 6 ukwezi kwa 11 uyu mwaka turimwo.
Freddy NKURUNZIZA