Ivyo vyabereye ku mutumba wa Kigamba, Komine Gisuru, Intara ya Ruyigi igihe c’isaha imwe n’igice z’ijoro.
Intandaro ya vyose ni abasore 2, uwo batazira Kadogo avuka aho mu Gisuru hamwe ba Karimanzira Philbert avuka mu ntara ya Bubanza batanguye kugwanira umukobwa umwe wese agashaka kumutwara
Niho Karimanzira Philbert yaca acumita imbugita Kadogo aca arahunga yongera akomeretse uwo batazira SIYAO nawe nyene yahavuye apfira ku bitaro nk’uko amakuru atangwa n’igipolisi avyemeza.
Abandi 2 bose barapfiriye muri iyo mishamirano hagati y’abavuka mu Gisuru n’abavuka mu ntara ya Bubanza basanzwe bacukura ubutare aho mu Gisuru
Abantu 2 bavuka aho mu Gisuru bagirizwa kugira uruhara muri ubwo bwicanyi bahagaritswe nk’uko igipolisi kivyemeza.
Musitanteri wa komine Gisuru Gad Ningaza hamwe n’igipolisi bakaba bishikiye ahabereye iryo bara aho bamenyesha abandi bagirizwa ubwo bwicanyi bariko bararonderwa.
Ntirampeba Gad
Rwandatribune.com