Amerika iremanga ibitero vy’indege ku bubiko bubiri bw’ibirwanisho n’amasasu mu burasirazuba bwa Syriya, bukoreshwa n’umuhari wa Revolutionary Guards wo mu ngabo za Irani.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Amerika Lloyd Austin yavuze ko ivyo bitero ari ivyo kwihora,inyuma y’ibitero biherutse kugabwa ku makambi ya gisirikare y’Amerika muri Irake na Syriya vyakozwe n’imihari yitwaje ibirwanisho ishigikiwe na reta ya Irani.
Mw’itangazo yashikirije, Lloyd Austin yavuze ko ivyo bitero vy’Amerika ataho bihuriye n’intambara iri hagati ya Israyeri na Hamas, gusa Reta ya Irani ikaba ataco irabivugako.
Ivyo bitero vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika ,bikaba vyabaye kuri uyu wa gatanu sa kumi n’iminota 30 z’ubuca, mumasaha yaho vyabereye mugisagara ca Abu Kamal kumupaka wa Siriya na Irake.
Freddy NKURUNZIZA.