Umunyamulenge w’umugabo yaheruka guhungira mw’ikambi y’impunzi ya Nyarugusu niwe yishwe mu gitondo co ku wa kane muri zone ya cumi.
Abantu bitwaje ibigwanisho bambaye umwambaro w’igipolisi n’uw’igisivire ni bo barashe iyo mpunzi ituruka muri repubulika ya demokarasi ya Congo, iva mu muryango w’Abanyamulenge muri iyo kambi nyene. Yari yikekwa, kuba ari mu ntwazangabo za M23. Nkuko bivurwa n’umugore wuwo muhisi, abamwishe bari bambaye umwambaro w’igipolisi ca Tanzaniya.
Yagize ati”Abantu bitwaje ibigwanisho bambaye umwambaro w’igipolisi ca Tanzaniya hamwe n’uw’igisivire barinjiye mu nzu yacu. Bararashe umugabo wanje aca acikanira aho nyene. Bamurashe amasasu abiri mu gikiriza.
Abo bicanyi bakaba bavuga ko iyo mpunzi ishobora kuba itunze ibigwanisho itabifitiye uruhusha nkuko umupfasoni wiwe abandanya abivuga .
Ati “Imbere yo kumurasa, baguma basubiramwo bati ’twereke aho wanyegeje ibigwanisho mugenzi général wa M23′ . Ikiziga ciwe cagiye gitwawe n’abo bamurashe, mu kibanza kitaramenyekana.’
Nkuko amakuru ava mw’ikambi y’Inyarugusu abivuga, imbere yo kuja kuri uwo bishe, abo bicanyi babanje kunyuruza umwe mu mpunzi z’Abarundi yitwa Norbert Nkundabera yaba mu kigwati B2.
Inyuma yo gukora iryo bara, uyo murundi bakaba bamutwaranye n’ico kiziga c’umunyekongo mumudokari yo mubwoko bwa pick up nkuko ayo makuru abimenyesha.
Ikambi ya Nyarugusu ikaba iharurwamwo impunzi zirenga ibihumbi 110 muri abo, ibihumbi 60 ni Abanyekongo bavuga Ikinyarwanda.
Freddy Nkurunziza
Rwandatribune.com