Mu gihugu c’u Burundi hakomeje kuvugwa ubwicanyi ndengakamere aho kuri uno wa kane igenekerezo rya 11/04/2024 muri Quartier Mutanga zone Rohero mu Gisagara ca Bujumbura, hasanzwe abantu babiri mu ruzi ntahangwa bapfuye.
Abanyagihugu baba murako gace bavuga ko babonye ibiziga bibiri biri muri urwo ruzi ntahangwa, bagerageje kwegera kugira bashobore kubakurayo,bitaboroheye,kuko igi polisi caciye kibimenya na chef de zone rohero,baza biruka..
Uwo mukuru wa Zone rohero SINDAYIHEBURA Fulgence, afatanije nabo ba polisi,bahashitse baciye birukana abantu bose baringaho, bababuza no gufata amafoto yabo bapfuye,eka nabari bamaze gufotora,baciye bakwa ama téléphone bafuta ivyo vyose bari bamaze gufotora.
Amakuru dukesha isoko rya Rwanda tribune TV riri mugisagara ca Bujumbura, rikura mu banyagihugu baba muriyo Quartier, atumenyesha ko Chef de Zone, yaciye asiga ahacungishije aba Polisi, nawe aca arigendera, nabo bapfuye babarekera mururwo ruzi ntahangwa..
Abashoboye kubona ivyo biziga namaso akanya gato, bavuga ko vyari biboshe amaguru namaboko,bifise nibikomere umubiri wose.
Abanyagihugu baba muriyo quartier bakab bagize amakenga n’ubwoba bwinshi,kuko baciye birukanwa ahari ivyo biziga,,bahasiga aba polisi,,batanakuye abo bapfuye mururwo ruzi ntahangwa,, ahubwo bibaza ko bahava baza kubakurayo mumasaha yijoro, kugira bace babahamba vuba vuba, bashobore kuzimanganya amatohoza yimbitse kurubwo bw’icanyi ndengakamere.
Abarundi bakaba bafise ubwoba bwinshi kubera ubwicanyi ndengakamere bwabaye ndanse mugihugu c’uburundi, ndetse nababikoze ntibigere bamenyekana ngo bahanwe.
Desire NKUNDWA
Rwandatribune.com