Mu gaturuturu ko kuri uno wa Mungu, Kyiv yatewe na za ndege zitagira abadereza “drones” z’Uburusiya, ibisigarira bikaba vyaguye mu turere tutari duke, nk’uko bivugwa n’abategetsi ba Ukraine, ariko ntibavuga nimba hari abapfuye canke bakomeretse.
Ibiturika nibura cumi vyumvikanye ku mugwa mukuru maze inzamba zo kugabisha ziravuzwa kugira abanyagihugu binyegeze. Haciye akanya havuzwa inzamba zimenyesha ko ibintu vyarangiye.
Umukuru w’ubutegetsi bwa gisirikare ku mugwa mukuru Kyiv, Serhiy Popko, avuga ko ibisigarira vyateje umuriro ku nyubakwa ituwemwo n’abanyagihugu, ariko ukaba wazimijwe.
Muri iki gitero co kuri uno wa Mungu, abarongoye igisagara bavuga ko uturere twatewe twose turi hafi yo mu gisagara hagati.
Igisata kijejwe gukingira ikirere ca Kyiv cerekanye ubuhinga mu gushobora gukorora amadrone hafi yose y’Uburusiya n’ibisasu vya misire vyatewe kuri iki gisagara.
Abategetsi bavuga ko indege hafi 20 zitagira abadereva zo mu bwoko bwa Shahed zahinguriwe muri Irani zakorowe kuri uno wa Mungu. Avuga ko zarungitswe mu kirere ca Kyiv ziri mu mirwi zivuye mu mpande zitandukanye.
Ibisigarira vyazo bikaba vyaguye mu turere tutabamwo abantu, ariko bimwe vyononye amamodoka hamwe n’intsinga zikoreshwa mu kunyonga amamodoka akoresha umuyagankuba.
Hagati aho, Uburusiya buvuga ko bwasambuye amadrone umunani yarungitswe na Ukraine mu kirere c’Ikiyaga Cirabura (Mer Noire) hafi y’akarere ka Crimée kigaruriwe n’Uburusiya kuva mu 2014.
Amadrone avugwa ko ari aya Ukraine aramaze kurungikwa hagati mu Burusiya, harimwo no mu ntara ya Moscou.
Akaba mbere aherutse kurasa indege ku kirindiro c’ingabo zirwanira mu kirere ahitwa Pskov. Ariko abategetsi ba Ukraine basanzwe batemeza canke ngo bahakane ko ari bo baba bakoze ibi bitero.
Freddy NKURUNZIZA
Rwandatribune.com