Leonid Sukhanow, umuhinga ukaze mu gisirikare c’Uburusiya afise ibiro mu gihugu ca Tananiya mugwego rwakarere ka EAC, yaragendeye igisirikare c’u Burundi.
Urwo rugendo akaba yarukoze ku magenekerezo ya 16-17/02/2024, aho yabonanye nabamwe mu basirikare bakuru b’u Burundi.
Bakaba baganiriye ingene igihugu c’Uburusiya cokongera inguvu mu gukarihiriza ubwenge n’ubuhinga muvya gisirikare na cane cane kino gihe bari muri RDC kugwanya M23 na Red tabara.
Ivyo bakaba babisavye ico gihugu inyuma yo kubona ko igisirikare c’Uburundi (FDN) bumaze igihe butakaza abasirikare benshi cane ku rugamba barimwo muri RDC .
Ico gihugu c’Uburusiya kikaba cabemereye ubwo bufasha basabwe, kugira igisirikare c’u Burundi gishobore guhangana na M23.
Ivyo bikaba bije mugihe uburundi busa nuburiko bwitegurira intambara,kuko bw’ashize ibigwanisho kirimbuzi n’abasirikare benshi kumipaka igihuza n’u Rwanda.
Hakaba hari naba FDLR na FLN basize bakoze ihonyabwoko ry’abatutsi mugihugu kibanyi c’u Rwanda, baje i Burundi,ubu babarizwa mumashamba yintara za cibitoke kayanza na kirundo, bitegurira gutera igihugu c’u Rwanda nk’uko isoko rya Rwandatribune TV riyakura muri bamwe mu gisirikare c’u Burundi.
Nabo ba FDLR na FLN bakaba bari mu bazohabwa izo nyigisho n’ abasirikare bavuye mugihugu c’Uburusiya.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com
Benshi bibeshya ko haliho intambara Imana yemera.Bakitwaza ko yashyigikiye intambara z’abami ba Israel,urugero umwami David.Nkuko bible ibyerekana,impamvu Imana yabashyigikiye,nuko “barwaniraga inyungu z’Imana gusa”.Imana yabategekaga kurwanya “abantu basengaga ibigirwamana”. Bisome muli Gutegeka/Deuteronomy 20:17,18.Niyo mpamvu yabatizaga Abamarayika,bakabarwanirira.Bitandukanye n’intambara z’iki gihe.Imana ibuza abakristu nyakuli Kurwana (2 Timote 2:24).Ndetse ikabasaba gukunda n’abanzi babo nkuko Matayo 5:44 havuga.Urugero,nkuko Luka 21:20,21 havuga,Yesu yasabye Abigishwa be ko nibabona Yerusalemu itewe n’umwanzi,aho kurwana bazahungira mu misozi.Ibitabo bya History byerekana ko mu mwaka wa 70 nyuma ya Yezu,igihe ingabo z’Abaroma zateraga umujyi wa Yerusalemu,ziyobowe na General Titus Flavius,abatali abakristu bararwanye,ariko Abakristu ntibarwanye,ahubwo bahungiye ahitwaga i Pella.